Scroll to Top

#Indundi Sports I CECAFA yamaze gushira ahabona ibihugu amahiganwa azoberamwo uyu mwaka…

By arsene Bucuti / Published on Tuesday, 05 Jan 2016 13:41 PM / /

cecafa
Nk’uko bishikirizwa n’umu nya Sudan Mutasim Gafal muri kino gihe arongoye CECAFA; amahiganwa ya CECAFA uko ari abiri akomeye, aho twovuga CECAFA KAGAME CUP na CECAFA Senior Callenge muri uno mwaka dutanguye azobera mu biugu bikurikira.

CECAFA KAGAME CUP izobera muri Zanzibar, aho mukibuka ko iyaheruka yabereye Dar es salam mbere igatwarwa na Azam FC itsinze Gor Mahia yo muri Kenya, uburundi bukazoserukirwa uno mwaka na Vital’o FC.

CECAFA Senior Challenge nayo ikazobera mu gihugu ca Sudan ya ruguru; aho iyaheruka yabereye mu gihugu ca Ethiopia itwawe na Uganda itsinze mu rukino rwa nyuma Amavubi y’urwanda kimwe ku busa.

nk’uko bishikirizwa na Gafal aramutswa CECAFA, ngo hagiye kugarukanwa amahiganwa y’abakiri bato n’ukuvuga abatarenza imyaka 17, hamwe n’abatarenza imyaka 20 mu karere ka CECAFA hatibagiwe ihiganwa ry’abigeme.

Muhirwe Alain

116 total views, 0 views today

Add Comment