Scroll to Top

#Burundi | Ngo ntawokwemeza canke ahakane ko hari ibinogo vyahambwemwo abantu ikivunga?

By Indundi Staff / Published on Thursday, 07 Jan 2016 06:09 AM / /

 

laurentine
Umupfasoni Laurentine KANYANA , Umushikiranganji w’Ubutungane i Burundi.

Umushikiranganje w’ubutungane, umupfasoni Laurentine KANYANA yashikirije kw’i radio “Voix d’Allemagne ”   yuko , hataragera ko umuntu yemeza canke ngo ahakane ko  hoba hariho ibinogo  vyahambwemwo ikivunga abantu bagandaguwe, imbere y’uko amatohoza aba agatanga umuco.

Kuri ivyo, Umushikirizamanza mukuru wa Republika , umushingantahe BAGORIKUNDA Valentin, yaguruje amatohoza ku bimaze imisi bivurwa ko hoba hari abantu boba bahambwe mu binogo ikivunga ; amatohoza agamije kumenya ko ari vyo koko canke atari vyo.

Aha twokwibitsa yuko, ivy’uko hoba hari abantu bahambwe ikivunga vyatanguye canecane kuvugwa kuva aho habereye igitero c’amakambi amwe amwe ari mu gisagara ca Bujumbura , cakwirikiwe n’imivyimba myinshi yagiye iratorwa hirya no hino, na cane cane mu ma karatiye yiyamirije ikiringo ca gatatu c’Umukuru w’Igihugu.

Twokwibutsa kandi ko , kuri ivyo nyene, umuvugizi w’Igisirikare yaciye ashikiriza ibitigiri bibiri binyuranye vy’abitavye Imana, maze bica bituma haba igipfungu cinshi ku vyabaye vy’ukuri aho bamwe mbere bagirije igisirikare ko caciye cirara mu ma karatiye yiyamirije ikiringo ca gatatu c’umukuru w’Igihugu maze ngo umukangara wose ubonetse hafi kigaca kiwugandagura n’urusasu mu mutwe; yamara ivyo bikaba vyarabeshujwe  na Leta.

Ikindi naco twokwibutsa n’uko hari abantu  bemeje ko biboneye imodoka za Mairie ya Bujumbura ngo ziriko ziraseha ibiziga  bija guhambwe ikivunga mu za Kanyosha, eka mbere hakaba hari n’amasamu amwe amwe yagiye aratembera kuri bwa buryo ngurukanabumenyi “whatsapp” yerekana imiduga koko ifise ibiziga.

Yamara rero, ivyo vyose ntawoshoka abishingira intahe ko vyoba vyarabaye koko, uretse kandi ko binashoboka kuko, vy’ukuri , uretse ko hari abantu benshi bagandaguwe kuri uwo musi, ntawahavuye ngo amenye abo bantu uko bahavuye bahambwa.

Nuwogomba agafatira kuri abarenga mirongo umunani bemejwe n’umuvugizi w’Igisirikare ko bishwe nk’abansi, biragoye kumenya ukuntu abo bantu bahavuye bahambwa kuko , uko ibintu bimeze mu gihugu, n’uwawe yotinya ku gufuba ,mu kiringo yokwumva ko wishwe nk’umwansi w’Igihugu, kuko nawe, hagati aho, yohava atinya ko  ukwiyerekana kwiwe yohava akakuzira .

Na narirya rero ibivurwa i Burundi ari vyinshi yamara bigashika gake ko , Umushikirizamanza aheza agatanguza amatohoza, ukubona kuri ivyo vyovyo , hagize amatohoze atangujwe ,  bano canke bariya bakurikiranira hafi ibiba mu butungane, ntibobura kugira bati  ico bivuyeko co nti kitabuze;  kuko ngo ” nta kabur’imvo”.

Nico gituma n’umushikiranganji w’Ubutungane yagize ati biragoye kwemeza canke guhakana ko ivyo binogo vyoba bihari.

Amatohoza yo nyene niyo  azoheza agatanga umuco , mu giho vyoshika agakorera mu bwigenge.

196 total views, 0 views today

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment