Scroll to Top

#indundi Gospel | Appolinaire aravuga Ubutumwa buri rukurikirane rushasha

By KING YANN COOL / Published on Sunday, 10 Jan 2016 04:05 AM / / 1197 views

#ingoma beat appolinaire
Ukwezi kwa gatanu igenekerezo ritaramenyekana niryo Umuririmvyi w’umurundi Apollinaire akaba n’intumwa y’Imana yemereye abanyarwanda ko azokoreramwo igiteramo kidasanzwe muri ico gihugu.

Ivyo akaba yabiyagiye kimwe mu binyamakuru nyarwanda inyuma yaho bakoreye igiteramo gisanzwe muri ico gihugu mu gushira ahabona urukurikirane rwiwe rushasha yise Muri wewe rugizwe n’indirimbo 10 zakorewe mu gihugu ca leta zunze.

Apollinaire Habonimana yamenyesheje ico kinyamakuru nyarwanda ko ubutumwa buri muri urwo rukurikirane, ari ubuhamagarira abantu kugaruka mu kibanza Imana ibashakamwo. Ngo ubwo ubutumwa bugaruka kenshi mu ndirimbo zigize urwo rukurikirane kuko aribwo butumwa Imana yamushize Ku mutima.

Twibukanye ko hari haciye imyaka yababa 10 adashira ahabona indirimbo n’imwe, ariko zimwe mu ziri muri urwo rukurikirane zikaba ari izisanzwe zizwe mu masengero ariko batazi ko ari iziwe.

Tagged as:

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel