Scroll to Top

Fiston Abdoulrazzaq niwe yaraye ahaye itsinzi Js Kabylie

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 06 Jan 2019 01:15 AM / /

Umukinyi w’umusatirizi w’Intamba mu rugamba abandanya yitwara neza mu mugwi Js Kabylie.z

Ku musi wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 4 Nzero umwaka wa 2019 niho hakinwa urukino rw’indwi ya 16 y’ihiganwa ryo mu gihugu ca Algeria rwahuje Js Saoura hamwe na Js Kabylie ikinamwo umusatirizi Fiston Abdoulrazzaq urwo rukino rwararangiye Js Saoura itsinzwe na Js Kabylie igitsindo 1-0.

Fiston Abdoulrazzaq niwe yaraye ahaye itsinzi Js Kabylie mu gutsinda igitsindo Ku munota wa 53 w’urukino bituma Js Kabylie itahukana Amanota atatu. Fiston Abdoulrazzaq akaba yaciye akwiza ibitsindo 7 mu nkino 11 amaze gukina muri Js Kabylie .

Add Comment