Scroll to Top

#Indundi Sports I Yamin Selemani, Fuadi Ndayisenga bamaze gusinya muri Vital’o ….

By Alain Muhirwe / Published on Friday, 29 Jan 2016 14:03 PM / /

SELE

Ku makuru dukura ku ndongozi z’uwo mugwi,  kuri uno mugoroba  niho umugwi wa Vital’o uhejeje gusinyisha abakinyi  babiri basanzwe bakinira umugwi nserukiragihugu; ni Selemeni Yamini Ndikumana  hamwe na Fuadi Ndayisenga bari basanzwe bakina mu migwi yo hnanze y’igihugu.

Selemeni Yamini yahora  akinira umugwi wa Primeiro de Agosto mu gihugu ca Angola  mu gihe Fuadi Ndayisenga yahora mu mugwi wa Sofapaka mu gihugu ca Kenya.

FUADI

Bikaba vyitezwe ko na Steve Nzigamasabo nawe kuri uno wa gatandatu ashobora gusinyira mu mugwi wa Vital’o.

Aho twobibutsa ko bano basore bose bahoze mu mugwi wa Vital’o, bakaba bagarutse gufasha uwo mugwi kwitegurira amahiganwa nyafrika, aho kw’italiki ya 14 ukwezi kwa kabiri bazoba bari  mu ihugu ca Lesotho mu gisagara ca Maseru  bakina n’umugwi wa Lioli

408 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment