Scroll to Top

Arakaza Mac Arthur yaraye yitwaye neza mu rukino rwiwe rwambere

By Radjabu Bosingwa / Published on Sunday, 06 Jan 2019 01:12 AM / /

Inyuma yo kugurwa n’umugwi Lusaka Dynamos umunyegori w’umurundi arakaza Mac Arthur yaraye yitwaye neza mu rukino rwiwe rwambere muuruwo murwi.

Urwo rukino rukaba rwabaye Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 04 Nzero umwaka wa 2019 aho Lusaka Dynamos wakinye na Forest Rangers birangira Lusaka Dynamoa itsinze igitsindo 1-0 mu rukino rwa gicuti. Aganira na Indundi Sports Arakaza Mac Arthur yavuze ko anezerewe cane no kubona yakinye urukino rwiwe rw’ambere kandi akarurangiza yitwaye neza . Akaba yagize ati:”Murazi ingene bigoye iyo ukinye urukino rwawe rw’ambere haba harimwo ubwoba, ariko ndashimiye Imana kubona nitwaye neza ndarangiza urukino atakibazo kihabaye”.

Mu kibuka ko Arthur yahawe amasezerano y’umwaka n’igice yo gukinira Umugwi Lusaka Dynamos .

Add Comment