Scroll to Top

#Urwevu| Mariage| Ukwubaka si ukwubika Inda! Tsinda ishavu musubire Muyage!

By Indundi Staff / Published on Wednesday, 12 Dec 2018 10:13 AM / /
Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

Aha tugarutse kuri wa Musozi Mariage kenshi na kenshi ukunda guhura n’ibihuhusi, bimwe mbere bikaza bimeze nka bimwe bita TSUNAMI aho bitema bigatongora, ingo zikabomoka, abubatse bagasanzara imitima, umuntu akonda agasigara ku mutwe gusa nayo ivyari ibibondo bigasigara mu ngaratete!

Uwo musozi rero aho ugoreye n’uko uhagaze ku bishobisho ndemanwa. Nizo nkingi zawo, mamuko yawo. Yamara abaciye akenge bobo baraheza bagaca nyabuna bihutira kuwushigikiza inyigisho duhabwa n’Uwaturemye, Imana Dawe wa Twese. Nk’uko tubibona hirya no hino mu vyandiko vyeranda aho twerekwa ko mu gihe tutobiha izo nkingi vyoba bisa nk’ukwubaka inzu ku mushinge w’umusenyi gusa. None n’uwogira ati ukwubakira ku ngingi z’ibishobisho gusa uba usa n’uwubakiye ku mucanga gusa ntiyoba ashikuje!!!

Yamara tukiri kubishobisho nyene, kenshi nya vyayo nyene biba bishushe cane nk’ibirunga ( Volcan) mu kiringo bikiri ku ntango. Ivy’ukumenye ko biheza bikabandanya uko nyene ntawobijamwo cane, kuko uwumaze kwurira uwo musozi wese iryo banga ararizi!

Hano gusa n’akabanga abahinga batwibira. Burya ngo umuntu wese afise muri Kameremere k’ukwumva yifuza kuba umuntu w’agaciro. Kenshi rero uraraba neza, kenshi urya yama atuma zirara zirasha hari igihe aba aribwo buryo bw’ukwerekena ko afise agaciro kukubera yakwihweeeeeje agasanga ivyo ugira vyose nta gaciro umengo uramuha.

Iyumvire, muri iyo nzira imbere y’ukwihereza imisozi uja kuraba , Parrain canke Marraine, Patiri, Pasitori canke abavyeyi. Kandi uribuka ntiwihutire kumukurako agahuzu kuko imvura irara irarwa bwaca igahita. URIBUKA AKAJAMBO MWAYAZE MWONGERE MUYAGE. NTA MVURA IDAHITA!

Add Comment