Scroll to Top

#Burundi| Perezida Paul Kagame aravuye mu gacerere ku vyo yagirizwa n’Uburundi.

By Indundi Staff / Published on Sunday, 21 Feb 2016 16:26 PM / /

kagosss

Nkuko tubikira ku kinyamakuru RFI, umukuru w’Igihugu c’Urwanda Paul Kagame ahejeje kuva mu gacerere , aciye kuri bwaburyo bw’ukumenyesha amakuru “Twitter” aho yiyamiriza yivuye inyuma ivyo yagirijwe na Bujumbura ngo vy’ukuba ariwe ariko ahungabanya igihugu c’Uburundi.

Nkuko nyene tubikura kuri ico kinyamakuru, uwo mutegetsi w’Urwanda ngo yatanze ivyemezo vyisnhi vyerekana ubwicanyi buriko buraba i Burundi, maze  agaahita yibaza ukuntu , inyishu y’ivyo vyose yoca iba iy’ ugusamaza amakungu aha agaca anashoka abakebura  ati ” agasomborotso kose kagirwa ntabwo kazohava kaba umuti w’ Ingorane zihari”.

Hejuru y’ivyo, Perezida Paul Kagame araheza agasobanura neza ico yise nk’integuro  , abategetsi b’Uburundi bariko bashira mu ngiro:

 1.Ugushira  ku kindi gihugu ingorane ufise mu gihugu hagati ;

2.Ukureka kwica abantu ikivunga, maze ngo ukica umw’umwe buhorobuhoro, bikaruhira gusa mu mpera na kurya aba Nazi ( abakoze ihonyabwoko mu gihugu c’Ubudagi) bahoneje abayahudi baba mu za bulaya.

Amamuko y’inkuru: www.rfi.fr

Categories : homepage kirundi politics

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel