Scroll to Top

#Burundi |Ubutunzi bw’amazu y’uburaro bw’Ingenzi ( hoteri) i Bujumbura burageramiwe

By Indundi Staff / Published on Tuesday, 01 Mar 2016 05:15 AM / / 1119 views

 

Vue de la ville de Buja

Nkuko tubikura mu kimenyeshamakuru APB info, ubutunzi bw’amazu y’ubururaro bw’Ingenzi , ngo burageramiwe cane , bivyanye n’uko ata ngenzi zikiboneka nka mbere ngo zirare muri ayo mazu, inyuma yaho hatanguye kuvugwa umutekano muke mu gisagara ca Bujumbura.

Ivyo rero vyashikirijwe n’abayobozi babiri b’amahoteri abiri atandukanye; aho uwurongoye Hoteri bita ” LE BOUQUET” amenyeshereje ko, igenderwa muri iyo hoteli ryagabunutse rikava ku bice 65 kw’ijana, rigashika ku bice 0,5 kw’ijana. Uwo muyobozi amenyesha yuko ibintu bitakiri nka mbere y’amagume kubera hoho ngo  iyo hoteri yaronka abaza kuhagirira amanama, eka mbere ngo haraza n’abanyamahanga benshi bariha neza maze bigatuma gutyo ubutunzi bw’iyo Hoteri bwiyongera. Ariko ubu, kubera izi ngorane Uburundi buhitiyemwo, ngo n’abakozi atari bake barahagaritswe mu kazi, eka n’abahasigaye ngo agashahara kabo karagamanijwe ku mvo ijanye n’uko  ubutunzi bw’iyo hoteri bwifashe.

Eka  na Hoteri “AMAHORO” nyene , ngo ibintu ntabwo vyifashe neza namba kubera naho nyene  igenderwa ryakorotse rikava ku bice 57 kw’ijana rigashika ku bice 2 kw’ijana; ivyo rero  ngo  bikaba ahanini  vyatumwe n’uko, abahora bahaka indaro benshi bari abanyamahanga, maze ubu bakaba batakiza nka mbere kubera ibihe Uburundi burimwo.  Yamara, nkuko icegera c’umuyobozi w’iyo hoteri abishikiriza, ngo  hejuru ya bino bihe Uburundi burimwo, ikindi gituma abasaba indaro bagabanuka kandi ngo n’uko  amahoteli aguma aba menshi mu gisagara ca bujumbura.

Co kimwe rero niyo Hoteri “Le Bouquet” ngo niyo hoteri “AMAHORO” nyene yarafashe ingingo y’ukugabanya abakozi, ubu ngo bakaba bavuye kuri 42 bagashika kuri 13, n’ukuvuga ica kane gusa nibo basigaye bakora nayo abashika 29 bakaba barasezerewe, ubu bakaba bari mw’Ibarabara.

Add Comment

Comments (0)

Write a comment ...
Post comment
Cancel