Scroll to Top

#Indundi Sports|Menya bamwe mu ba Stars bakomeye b’umuziki imigwi bakunda ku mugabane wa Bulaya ….

By Alain Muhirwe / Published on Saturday, 05 Mar 2016 12:15 PM / /

drake
Umuririmvyi Rihana mu gikombe c’isi co mu 2014 hariya muri Brazil yishikiye kuri Stade ya Maracana aje kuraba urwo rukino, Ubudagi buhejeje gutwara ico gikombe n’uko yaciye akurikira uyo mugwi gushika Berlin mu birori vy’ukwereka abadagi ico gikombe.
Runo n’urutonde rw’abaririmvyi indwi bakomeye n’imigwi yabo bakunda.
1.Jayz

jayae

Jay z ni umukunzi akomeye wa Arsenal The Gunners, biravugwa ko mu minsi y’inyuma iheze ko yoba yarashatse kugura uyo mugwi, yatanguye gukunda uyo mugwi akibona Thierry Henry mu waka w’2003. Akaba yama kenshi aja London kuraba zimwe mu nkino za Arsenal.
2.Jenifer Lopez
lopez

Umukunzi akomeye cane wa Real Madrid, kenshi Na kenshi yama yambaye impuzu iranga Real Madrid. Mu mwaka w’2012, mu giteramo yakoreye I Madrid yari yambaye Hala Madrid.

3. Justin Bieber
jb

Iyo ari mw’ikarashishi J.B abonekana kenshi yambaye impuzuny’aba Toffees ba Everton, aramaze n’ukugira urugendo kuri Stade ya Starmforbridge. Saho honyene mu mwaka wa 2013 JB yaratembereye kuri Camp Nou yongera akorana imyimenyerezo n’abakinyi ba FC Barcelona. JB biboneka rero ko akunda imigwi ya Everton, Chelsea na FC BARCELONA.

4. Drake
drake

Uno mugabo aturuka Toronto yoba afise ingwara y’ugukunda imigwi myinshi. Ubugenzi hagati nawe na Didier Drogba na Lio Ferdinand bwatumye akunda Chelsea na Man United. Bivugwa kandi ko akunda Liverpool, Man City hamwe n’umugwi wo mu gisagara avuka mwo ca Toronto.

5. Shakira
shaki

Imbere y’uko abana na Gerard Pique, Shakira yakunda umugwi wa Real Madrid mu mwaka wa 2005 imbere ko Zinedine Zidane asezera ivyo gukina yatanze kuri Santiago Bernabeu, Maillot yanditseko izina ryiwe. Muri kino gihe kubera amabanga y’urugo rwiwe akunda FC Barcelona .
6.Adele
adele
Yavukiye mu buraruko bw’ i London asanga abavyeyi biwe bakunda Totenham Hom Spurs nawe akura akunda uyo mugwi n’ubu kenshi aboneka kuri White Hat Rain.

7. Elton John
e john
Yigeze kuba afise umutahe mu mugwi wa Watford incuro zibiri zose muri kino gihe akaba ari umunyanyi w’iteka w’uyo mugwi.

157 total views, 0 views today

Tagged as:

Add Comment