Scroll to Top

#Indundi Sports| Bimwe mu bituma Intamba mu rugamba zidashobora gutangura imyimenyerezo vuba….

By Alain Muhirwe / Published on Tuesday, 08 Mar 2016 11:38 AM / /

olivier
Muri kino gihe hasigaye indwi zidashika kuri zitatu gusa ngo intimba mu rugamba zikinire hano I Buja n’umugwi nserukiragihugu wa Namibia, biraboneka ko amahigwe y’uko intimba mu rugamba zidashobora gutangura imyimenyerezo vuba n’uko benshi bari bavyiteze. Kubera zino mvo:
1. Umugwi usanzwe uvamwo abakinyi benshi bagera mbere kuri 11 mu bahora batumwako wa Vital’o uri mu mahiganwa mpuzamakungu ya Afrika, aho bigoye guhamara abakinyi basanzwe bari mu rindi higanwa kuko vyogora ingene babifadikanya ari bibiri.
2. Bamwe mu bakinyi mvamakungu bahora bikorwako n’umumenyereza mukuru Ait AbdelMalek bari mu mugwi wa Vital’o naho badasanzwe ku rutonde rw’abakinyi bari muri ayo mahiganwa. Aho ni nka Ndikumana Selemani asanzew ari kizigenza w’Intamba mu rugamba.
3. Iyindi migwi nka Athletico, LLB S4A canke Buja City irimwo abakinyi bake bahora batumwako , biraboneka ko umumenyereza ata cizere kinini abafitiye ko boba baraje gutangura imyimenyereezo.
4. Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu gihugu rishobora naryo kuba ribona ko ritokwiyinjiza mu manza zibiri, n’urundi rutarahera.

Bikaba bigoye rero no kumenya urutonde rw’abakinyi bazotumwako kuko mwumva ko imyimenyerezo ishobora gutangura inyuma y’inkino za mbere y’imigwi ibiri yacu yacu iri mu mahiganwa mpuzamakungu n’ukuvuga Vital’o na Athletico Olympique.

105 total views, 0 views today

Add Comment