Scroll to Top

Biography

Kaddy Simba n'umu rapper/singer w'umurundi yavukiye muri Bujumbura Rural. Abavyeyi bimutse bava muri Bujumbura Rural baja muri Nyanza-lac akiri muto. Akaba yabaye muri Nyanza-lac ahobita Muyange imyaka 7 imbere yuko umuryango uhungira I Mtabila muri Tanzania.

Akaba nawe yari mumpunzi zamaze imyaka irenga icumi mu nkambi. Yatanguye gukunda umuziki akiri muto bivuye ku muhisi papa wiwe kuko yakunda kubaririmbira mugihe c'umugoroba kuko yari umuvuzi w'igitari. Umuziki kuriwe ni inzira y'ukwigisha, kwiryohera eka ndetse no kwerekana ko akahise kabi katamuvunye intege ahubwo kamuhaye inguvu zogukora yivuye inyuma mukwereka amakungu ko ashoboye.

Kaddy Simba yashitse muri USA mumwaka wa 2008 muri California akaba yaciye asohora ururirimbo rwambere mumwaka wa 2009 ubu akaba afise indirimbo zirenga 30 harimwo izigiswahili, icongereza nizi Kirundi akaba amaze gukorana n'abaririvyi batadukanye batuye muri USA harimwo abava mumihingo itandukanye nka Somalia eka nahandi.

Kaddy Simba ubu atuye muri Atlanta Georgia aho ibintu vya entertainment bigwiriye ndetse atubwira ko aba rapper benshi babanyamerika ariho batuye akaba yizera ko ibikorwa vyiwe vyiza bizugurura imiryango muguteza imbere umuziki wiwe akaba ariko arategura album yiwe nsha.