Kubera ibura ry’udukingirizo kamwe mu duce Kenya ihanako urubibe na Ethiopie, abaho ngo basigaye bakoresha udukingiro twakoze ariko babanje kumesa.
Agace itwa Sambura kakaba gateye imbere kuko kakira baba abenegihugu b’ivyo bihugu uko ari 2 canke abanyamahnga bahaza. Ako gace ngo karakiriye imyimenyerezo yakorwa n’igisirikare ca Kenya, bakayikoreshwa n’igisirikare c’abongereza. vyo bikaba vyatumye urudandazwa rw’abadandaza umubiri rubandanya rwiyongera.
Mu gihe hari iryo bura ry’udukingirizo, bamwe mu baho bazi iciza cukwikingira ingwara zifatira mu bihimba vy’irondoka, ngo bafashe ingingo yukurondera ubundi buryo bwo kwingira, birimwo ukumesa udukingirizo twamaze gukora.
ico ciyumviro ngo kikaba kitabashije kubafasha kuko ngo vyahavuye bituma iyo ngwara ibandanya kurwira gusumba. Ari naco gituma umuganga Dr. Faith Ndiwa, umukuru wa Good Lif Trust atanguza isekeza ry’ugukangurira abantu kwikingira naho hari ibua ry’utwo dukingirizo