Isaha imwe n’inusu y’ijoro, niho umuririmvyi w’umuhumure Ndikubwayo Gerard yatangura kuririmba indirimbo ya mbere mu giteramo citiriwe Agashitsi ka Kera cabereye muri Oasis of Peace mu gisagara Kigali.
Akaba yabanje kuririmba umwanya ungana n’iminota 30 imbere Yuko baja mu karuhuko kamaze iminota 10, ako kanya kahavuye gatambamwo abana bato bari mu mahugurwa yo mu buruhuko muri Oasis Of Peace, imwe mu migambi ya Maison Shalom Rwanda.
Abo bana bahavuye bakurikirwa n’umunyarwanda yitwa Deo Munyakazi asanzwe aririmba akoresheje igicurarangisho c’Inanga. Uwo nawe akaba yahavuye asimburwa kuri Podium na Mutama Gerard aho yaravuye kuruhuka kugira agarukane impwemu none ngo abandanye aryohera abari bamwitavye.
Buri ndirimbo yaririmba, umutama Gerard akaba yabanza kuyisigurira abari ngaho. Ubona ko izo ndirimbo nyene arizo ziri ku rukurikirane “Mubarira” yariko ariagurishiriza muri ico kibanza.
Abatari bake bari ngaho batari bamuzi bakaba baronse akanya ko gutahura utwo turirimbo, eka banaboneraho kumumenya. Ubona ko ab’urunganwe rwa none batamuzi cane, uretse abahumure.
Amakuru Indundi yaronse akaba avuga ko uwo mutama atazogarukira ngaho muri ico gikorwa c’ibiteramo. Akaba yipfuza gukora ibiteramo bitari bike ngaho mu Rwanda. Ivyo ngo akaba abikora mu ntumbero yo gusigasira umudiho ndundi, mbere n’umuco w’aho hambere abatari basa n’abateye akagere.

Mukamenya ko yaganiriye na Tele Renaissance ko ico giteramo kiri mi ruhererekane rw’ibiteramo ariko akorera muri Afrika y’ubuseruko. Akavuga ko mu mwaka uza dushobora kwumva ageze muri Tanzania.