5.5 C
New York
Monday, January 25, 2021
Home Burundi #Urwevu| Nkumi, urabanza umenye projets z'Umusore. Ntukinjire imodoka utazi iyo igiye.

#Urwevu| Nkumi, urabanza umenye projets z’Umusore. Ntukinjire imodoka utazi iyo igiye.

Isanamu ngereranyo y’umutekamutwe

“Woye gutwarwa n’igihuhusi c’imishobisho maze ngo uzohave uca akenge, utakiri bwigarure!”

Nk’uko hano twama tubikura mu bitabo vyandikwa n’abahinga banyuranye, turasanga vy’ukuri umuntu ariko aragenda muri runo rugendo adafise Vision bisa nk’uwugenda ahumirije kuko , subconscient yawe itaba ifise ikintu iriko igenda igana.

N’ibiterwa mu kiringo bizi icamwo bizokwa biraheza bikamenya uko vyigenza. Ibiharege vyitwa ibiremberwa iyo kiriko gikura kikabona igiti kiri hafi kiraheza kigakura kicihambirako kuko muri co nyene harimwo ubwenge bw’Imana bw’ukumenya imbuto kizokwama.

Weho Imana yaguhaye ubwenge bw’uguhitamwo ico ushaka. Ufatiye kuri kameremere yawe, ku kuntu wewe wumva uremye, rondera rero nyabuna guhitamwo ikintu nawe wereka agatima kawe ko mu pwemu ko uriko uragana , uriko ugenda ukwirikira. Aha twavuze Inkumi yamara tuvuga bose.

Impanuro.

Twohanura abatararushinga , na canecane abigeme b’imiyabaga ko mu kiringo bakiriko bararonderwa n’uwugomba kurushinga nabo , ko boheza bakihutira , mu buryo bworoshe, kubaza bukebuke Umusore uko ategekanya kazoza, projets afise ku bijanye na  kazoza. Gutyo bizoca bisa nka kurya , imbere y’ukwurira imodokari ubanza ukamenya iyo igiye imbere y’ukwemera kwinjira.

Yamara na wewe nyene bizogufasha mu kiringo na we nyene ufise Vision y’iyo ushaka gushika maze uheze wumve ko atawuzobera intambamyi uwundi, canke mbere wumve ko utohitamwo gushigikira iyo Vision bwa Mufasha, nk’uko ari vyo  vyoba bihimbaye imbere y’Imana yo Yaturemye.

Must Read

Platini ngo aronse ah’aca Shaddy Boo Ubwiza bwiwe ntiyobwitesha

0
  Platini yigeze kuba ari muri Dream Boys ngo ntaho yohera yanka kugiriranira imigenderanire y’urukundo na Shadia benshi bazi nka Shaddy Boo. Ivyo akaba aheruka...