africa newshomepageIndundi Hits ShowskirundisecurityWestern Sydney Films Festival

Nigeria : Amatati y’amatongo yaraye yihaye inkumbi

Ku muhingamo wo kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya 7 Kigarama umwaka w’2018, amatati y’amatongo yarihaye inkumbi mu karere ka Lavun ko muri Rata ya Niger mu burengero bwa Nigeriya.

Ubuzima bw’abantu bagera ku munani nibwo bwaraye buhasigaye nayo abarenga icumi barakomereka inyuma y’intureka yadutse hagati y’ubwoko bubiri, ubw’aba Gaba hamwe n’ubw’aba Anfani bo mu karere ka Lavun ko muri Reta ya Niger kari mu burengero bwa Nigeriya, bapfa itongo.

Iryo tongo rikaba ryari ryatsindiwe n’umu Anfani inyuma y’urubanza muri sentare ntoya yi Lavun niho mu gihe abacamanza baja gushira mu ngiro urubanza rwaciwe batanguye gukubitwa n’aba Gaba bashigikira uwatsinzwe, iyo ntureka ikaba yarangiye abantu umunani bahasize ubuzima nayo abarenga icumi barahakomerekera.

Twomenyesha ko bitabaye irya mbere amatati y’amatongo yiha ibara muri ico gihugu aho mu kwezi kwa Ntwarante uwu mwaka turimwo kuri izo mvo nyene hagandaguwe abajejwe umutekano bane mu gihe bariko baraturesha intureka hagati y’abariko bararwana bapfa amatongo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 329