Inyuma y’aho igihugu ca Cameroun cankiwe gutunganya amahiganwa ya CAN 2019 bitumwe n’uko ngo itashoboye kwitegura bihagije kugira ngo izoshobore kwakira atagahaze ayo mahiganwa, icegera c’umukuru wa CAF (Confédération africaine de football) bwana Constant Omari yaraye amenyesheje ko Repubirika iharanira Demokarasi ya Congo ariyo ishobora kuzohava isubirira Cameroun.
Repubirika iharanira Demokarasi ya Congo ikaba ariyo yabaye iya mbere mu gusaba ko yosubirira Cameroun muri ico gikorwa c’ukwakira ayo mahiganwa ategekanijwe kuzoba kuva kw’igenekerezo rya 15 Ruheshi gushika kuwa 13 Mukakaro umwaka w’2019.
Hambavu ya Repubirika iharanira Demokarasi ya Congo hakaba hanurwanurwa ko ibindi bihugu bibiri arivyo Maroc hamwe na Afrika y’epfo navyo nyene bishobora gusaba ko ayo mahiganwa yotunganirizwa iwabo yamara gushika ubu bikaba bitarabisaba ku mugaragaro.
Twokwibutsa ko isabwa ku mugaragaro ry’ugushobora gutunganya ayo mahiganwa rikaba rizota ikiringo ku musi wa gatanu w’indwi iza igenekerezo rya 14 Kigarama uwu mwaka.