
Umwigeme Quiin Abenakyo asanzwe ari Miss Uganda2018-2019 yaraye yambitswe urugori rwa Miss Afrika-Monde 2018.
Kuir uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 8 Kigarama i Sanya City muri Repubirika Populaire y’Ubushinwa niho umwigeme w’umugandakazi azwi kw’izina rya Quiin Abenakyo yambikwa urugori rw’ukuba Miss Afrika-Monde 2018.

Quiin Abenakyo akaba yatowe mu bigeme bafise ubwiza budasanzwe kw’isi nzima bagera kw’icumi na babiri bari bashoboye gushika mw’ihiganwa rya nyuma, abo nabo bakaba bamuka mu bihugu vya Bélarus, Ubufaransa, Écosse, Jamayika, Martinique, Mexique, Panama, Maurice, Népal, Nouvelle-Zélande hamwe na Thaïlande, akaba abaye umugandakazi wa mbere arose ico giti.
Umwigeme Abenakyo yaraye yimitswe afise imyaka mirongo ibiri n’ibiri y’amavuka akaba yavukiye mu buseruko bw’igihugu c’Ubuganda.