5.5 C
New York
Wednesday, April 21, 2021
Home Burundi Ibintu bitari bike vyahononekariye

Ibintu bitari bike vyahononekariye

Imvura y’isegenya idasanzwe iguye ku muhingamo wo kuri uno wa mbere igenekerezo rya 10 Kigarama umwaka w’2018 yasize amazi ajererenga mu duce tumwe tumwe twaba utwo mu gisagara ca Bujumbura ndetse no mu ntara hagati mu gihugu.

Hambavu y’ibiterwa bisanzwe biri mu mirima bimwe vyatwawe n’iyo segenya ibindi birononekara, amashure yegereye ikibuga c’umupira ca Mpanda mu ntara ya Bubanza nayo nyene yahuye n’ivyo vyago vyandurutse ku mwuzure w’amazi wiraze mu nyubakwa n’ibirase biri aho.

Bimwe mu vyononekariye muri ayo masomero akaba ari canecane ibitabu vyari bisanzwe biri mu bubiko vyabwo, amamashini abana bahora bakoresha mu kwiga n’ibindi bikoresho vy’ishure bitaramenyekana.

Mu mugamba naho mu ntara ya Bururi havurwa y’uko  zimwe mu nka zari ziragiwe n’abungere igihe iyo mvura ivanze n’imituragaro yarwa ngo zakubiswe n’inkuba maze zihasiga ubuzima.

Must Read

Différentes vertus thérapeutiques du psaume 09

0
Chant de louange. Lorsque les affaires ne marchent pas bien. Pour guérir de l'impotence Pour ceux qui sont menacés par les démons pendant le sommeil et...