5.5 C
New York
Tuesday, May 11, 2021
Home Esther Nish Primus League : Vital'o yanyagiye Flambeau du centre Messager Ngozi itsindwa na...

Primus League : Vital’o yanyagiye Flambeau du centre Messager Ngozi itsindwa na LLBS4A

Credit photo : Burundi Sports

Mu nkino zibiri z’ibirarane za Primus League zaraye zibereye ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore kuri uyu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 12 Kigarama umwaka wa 2018, aho urukino rwa mbere rwariko rurahuza umugwi Vital’O FC hamwe na Flambeau du centre rwaraye rurangiye Vital’o Fc inyagira Flambeau du centre ibitsindo 3 -1.

Ku rundi ruhande isaha icumi z’umuhingamo (16h00), umugwi Lydia Lydic  (LLBS4A) wari wakiriye umugwi Messager Ngozi , birangira LLBS4A itsinze Messager Ngozi igitsindo 1-0.

Mukamenya y’uko iyo migwi ibiri isigaje urukino rumwe rumwe rw’ikirarane kugira nayo ikwize inkino 17 co kimwe n’iyindi migwi bivanye y’uko iyo migwi yari imaze imisi iriko irakina inkino za ya CAF Champions League hamwe na CAF Confederation Cup iyo migwi yari imaze imisi iriko irakina.

Must Read

Imyaka 40 irarumanye umwami wa Raggae yitavye Imana

0
Hari kuwa 11 Rusama 1981 aho umwami wa Raggae Robert Nesta Marley yarazwi cane nka Bob Marley yitaba umuremyi asiga mu gahinda abakunzi b’ibikorwa...