Kuri uyu wa 3 igenekerezo rya 12 kigarama muri Leta zunzeubumwe za amerika mu ntara ya Arizona mu gace kitwa Phoenix niho umuririmvyi w’umurundi abarizwa muri ico gihugu yahabwa impamya bushobozi.

Iyo mpamya bushobozi akaba yayironkeye ku kaminuza nkuru yaArizona – Arizona State University-, aho yararangije mu gisata c’ubutanganempanavyaha – Crimanal Justice and Criminoogy-. Nkuko amashusho twabashijekuronka avyerekana, uwo muririmvyi yarahagatiwe n’abataro bake barimwoumuryango.

Mu babashije kumenyekana ku mashusho indundi magazineyabashije kuronka, ni nka Conge basanzwe bakora umwuga umwe w’umuziki, kandimuri kahise banasangiye umurwi baririmvyemwo, imbere yuko umwe wese abashakakuririmba ukwiwe.

Uwo muririmvyi akaba yahora ashikiriza ko akazi k’umuzikiatakabonekamwo bihagije gose kuko asanzwe afise ikindi gikorwa c’ishureategerezwa naco kubandanya, ico kikaba gica kiza ciyongera ku kwisumamwo vya misiyose co kimwe n’umuryango navyo biza bifata ikibanza gikomeye mu buzima bwaburi muntu.

Mukibuka ko Don Brighter yaheruka gushira ahabona akaririmbokiwe gashasha, ako akaba yakise Go Down, akaba yagakoranye na bagenziwe bo muriafrika y’ubuseruko bushira uburengero –West africa- basanzwe babarizwa hamwemuri leta zunze ubumwe za amerika.
