footballhomepageIbiyovyabwenge

Salah niwe yatowe nk’umukinyi mwiza w’umwaka w’umunyafrika

Umukinyi w’umusatirizi w’umunya Misiri akina mu mugwi Liverpool Mouhammed Salah niwe yatowe nk’umukinyi mwiza w’umwaka wa 2018 w’umunyafrika .

Ako gashimwe akaba agitwye incuro zibiri yikurikiranya. Ako kakaba gatangwa n’ikinyamakuru BBC co mu bwongereza .

Ako agashimwe akaba yagatwaye abahiganwa nka Sadio Mane basanzwe bakinana muri Liverpool , umunya Maroc Medhi Benatia, Umunya Senegal Kalidou Koulibaly akinira Napoli hamwe n’umunya Ghana Thomas Partey akinira Umugwi Athletico Madrid.

Muhammed Salah mu mwaka uheze akaba ariwe yabaye umusatirizi w’umwaka afise ibitsindo vyinshi mu gihugu c’ubwongereza aho yatsindiye Liverpool ibitsindo 44 mu nkino 52 yakinye .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 146