homepage

Sat-b ngo yaratutse Lolilo aramugotsa

Ukudashaka kuramutsa Sat-b kwa Lolilo ngo vyoba kwari ukumusubiriza mu nkoko, kubera ivyo Sat-b yakoreye lolilo mu misi iheze.

Mu gihe hagize imisi hakwirakwizwa Video yerekana Sat-b aramutsa Lolilo ariko nawe akanka kumwishura, abantu bagumye bashaka kumenya icoba caratumye iyo nararibonye mu muziki wurunganwe rushasha adashima kumuramutsa.

Uwo muririmvyi akaba yahavuye atanga umuco ku rubuga akoresha rwa Facebook co kimwe nurwa Whatsapp aho yavuze ko uwo muririmvyi , Sat-b, ngo yamututse akamwambika ibara. Uwo akavuga ko atari guca yerekana imbere yabantu ko ibintu vyose ari sawa.

Muri iyo Video Sat-b aboneka agerageza incuro 3 zose kumuramutsa ariko yanka, gushika yaho uwo muririmvyi, Sat-b, aheba akitakambira avuga ko Lolilo yanse kumuramutsa. Ariko bikaba vyarangiye atawuramukije uwundi muri ako kanya.

Sat-b akaba buri gihe ahora agira ico avuze kuvyuwo muririmvyi, aho tukibutsa ko yagize ico avuga igihe Lolilo agira isanganya avuye mu ntara ya Gitega mu giteramo, Lolilo akaba yavuga ko ari uburozi, ariko Sat-b we muri Video akaba yavyamiriye kure

What's your reaction?

Related Posts

1 of 297