
Kuri uyu wa kabiri uri hejuru igenekerezo rya 18 Kigarama umwaka w’2018, Reta y’Uburundi iciye ku mushikiranganji wayo w’ikigega ca Reta n’iterambere Domisiyano Ndihokubwayo, yateye umukono ku masezerano y’ingabire y’umugambi w’ibanki y’iterambere rya Afrika BAD (Banque Africaine de Développement), umugambi w’ugusubiramwo amabarabara y’imigenderanire y’Uburundi n’igihugu kibanyi ca Tanzaniya.
Uwo mugambi ukaba werekeye gusubiramwo amabarabara ya Rumonge-Gitaza (ku birometero vy’uburebure bigera kuri mirongo ine na bitanu) ku ruhande rumwe hamwe n’ibarabara Kabingo-Gasulu-Manyovu (ku birometero bingana n’amajana abiri na mirongo itandatu) ku rundi ruhande.
Mwomenya ko uwo mugambi utegekanya kuzotwara uburyo burenga imiriyoni amajana atatu na mirongo ibiri na zibiri z’amadorari y’abanyamerika (322,35 millions US).