5.5 C
New York
Thursday, January 28, 2021
Home Burundi ECOFO : Abanyeshure batatoye ikibazo ca Reta bagahungira muy'abigenga bagiye kugira ikibazo

ECOFO : Abanyeshure batatoye ikibazo ca Reta bagahungira muy’abigenga bagiye kugira ikibazo


Abanyeshure bariko bariga igice ca kabiri c’amashure nshingiro y’abigenga batatoye ikibazo c’umwaka w’icenda ngo boba barakinjura bakaja mu mashure y’imyuga kuko ata mpamyabushobozi bazoronswa.

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 19 Kigarama umwaka w’2018, umuvugizi w’ubushikiranganji bw’indero Edouard Juma yari yaramutse atanga ikiganiro ku bamenyeshamakuru aho yamenyesheje ko iyo ngingo iraba abanyeshure bose bazi yuko batamenye ikibazo ca Reta kibaha uburenganzira bwo kuja kwiga mu bisata vyo mu mashure y’ishuri nshingiro.

Ngo abo banyeshure bari mu myaka ya mbere n’iya kabiri yo mu bisata bitandukanye vyo mu mashure nshingiro y’abigenga boba baragenda hakiri kare kwiyandikisha mu mashure y’imyuga nk’uko amategeko y’ubushikiranganji abitegekanya.

Edouard Juma amenyesha kandi yuko ubushikiranganji bw’indero n’inyigisho y’imyuga bwagomba gusaba kandi abayobozi b’amashure ko bokwisunga ibi bikurikira mu gutunganya amashure bajejwe:

  1. Gusuzuma ko ama dosiye y’abanyeshure na cane cane bashasha akwije ibisabwa n’amategeko ;
  2. Gutanga ningoga ama dosiye y’abanyeshure bagiye kwiga mu yandi mashure ;
  3. Kutigera bemerera ko abanyeshure bijanira ama dosiye ku mashure baba bagiye kwigako ;
  4. Kudatanga urupapuro rw’umutsindo ku munyeshure wese dosiye yiwe idakwije ibisabwa n’amategeko.

Must Read

Francine Niyonsaba avuze rimwe baba barikosoye  

0
  Ubwo ibihejeje kuba hagati ya Francine Niyonsaba umunonotsi w’Umurundi na rimwe mu mashirahamwe y’ugutumatumanako amakuru, Econet, vyoba vyerekana ko hari iyindi ntambwe igiye guterwa...