footballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_SportsYvan muziki

Gakili Jumapili ngo ntanzu iriko irasha mw’ishirahamwe ryabo ry’umupira w’amaguru

Uwusanzwe atwara ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara ya Bujumbura Rural Gakili Djumapili ngo ntanzu iriko irasha mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru ryabo “Association Provinciale de Bujumbura Rural”.

Ivyo akaba yabishikirije mu nama yari yakoranye n’abamenyeshamakuru ku musi wa gatanu igenekerezo rya 14 Kigarama umwaka w’2018.

Akavuga ko intandaro yo gukoresha iyo nama yari iyo gusigurira abamenyeshamakuru y’uko hari umuntu yitwa Innocent Nduwimana yahoze ari icegera ciwe ca mbere muri iryo shirahamwe aho yakoze amakosa yogutanga ikirangamisi c’inkino zo mu cicaro ca gatatu mw’ishirahamwe ry’abo kitazwi na Commite Executif y’ishirahamwe ryabo, niho guca bafata ingingo yo kumuhagarika mumabanga , nawe akaba yaciye afata akarwi k’abantu batazwi n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu ntara aca agirisha inama yokurwanya uwutwara iryo shirahamwe aca aja kwisunzu ry’inzu avuga ko yamukuye gushika n’ubu ngo niwe yiyita y’uko atwara association provincial kandi yarahagaritswe.

Djumapili asanzwe atwara iryo shirahamwe imbere y’amategeko akaba we amenyesha ko yaganiriye n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kandi ko atakete uyo Innocent arashikiriza ndetse ngo muri make Nduwimana Innocent ariko ajuragiza bamwe mubarongoye imigwi abahenda y’uko ariko ategura amahiganwa kandi yarahagaritswe ngo na FFB irabizi kuko amakete yose comité exécutif yayandikiye irayafise .

Djumapili Akaba yarangije avunira akagohe umuntu wese azokurikira Innocent ko azohanwa hizunzwe amategeko nayo kuri we ngo akazi karabandanya ukuri kwamye.

Tukaba tugiye kubaronderera Innocent nawe nyene kugira azotange umuco ukwiye Ku biriko bimuvugwako .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 454