5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home football José Morinho ntakiri umumenyereza wa Manchester United

José Morinho ntakiri umumenyereza wa Manchester United

José Morinho yari asanzwe ari umumenyereza wa Manchester United ntakiri umumenyereza w’uyo mugwi.

Intandaro yo kwirukanwa kwiwe ngo ni umusaruro mubi amaze imisi ariko atanga mu mugwi Manchester United .

Abasanzwe batwara umugwi Manchester United bakaba bagiye kurondera uwundi mumenyereza mushasha yomusubirira, muri kino gihe uyo Mugwi uzoba umenyerezwa n’uwasanzwe ari icegera ciwe Michael Carrick nawe ashobora kuba umumenyereza mukuru w’amasaha nka 24 canke 48 kugira hace hazanwa uwundi mumenyereza .

Bikavugwa y’uko abamenyereza bakekwa y’uko bashora gusubirira Morinho ari Zinedine Zidane yahoze amenyereza Real Madrid , Pochetinho amenyereza Tottenham, Dieugo Pablo Simeone amenyereza Athletic Madrid, Antonio Conte amaze imisi atamugwi kubwo kwirukanwa na Chelsea umwaka uheze.

Ugutsindwa na Liverpool ibitsindo 3-1 vyoba ari navyo vyatumye uyo mumenyereza yirukanwa, Manchester United ikaba igiye kumuriha amafaranga angana n’imiriyoni 22 zama paund kuko yaragifitaniye amasezerano n’uyo mugwi.

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....