Nka hamwe ata gihundutse, ngo indirimbo Sat-b yakoranye na Meddy co kimwe n’iyo yakoranye na Sauti Sol ngo ntizizosohoka. Izo zikaba zizoba zisanze iyo yakoranye na Dully Sykes nayo atasohoye.
Indirimbo Sat-b yakoranye na Meddy ngo nayisezere ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Wanda Boy muri Video yashize ahabona. S’iyo gusa kuko ngo n’izindi zitari nke yakoreye muri Studio ikorana nawe ngo ntazirabe mu maso, murizo bikanavurwa ko n’iyo bakoranye na sauti Sol nayo yoba iri mu zitagisohotse.
Wanda muri iyo Video akaba yagiriyeko abwira Sat-b ko ngo atazomusaba amafaranga yose yashize mu bikorwa vyiwe, aho akavuga ko ari intererano yatanze, ngo abarundi nibaryohererwe ico. Wanda agasaba Sat-b ko atosubira kugira na kimwe amusaba, ngo niyagira ico ciyumviro co kugira ico amusaba ngo arakivugira kw’I radio, canke ahamagaze abamenyeshamakuru.
Wanda akaba yagiriyeko asaba abarundi gushigikira abaririmvyi ndundi bose co kimwe, akaba kandi yanabwiye Sat-b ko ubu bagiye mw’ihiganwa ngo bakure amajambo ariko bashiremwo ibikorwa vyinshi.
Wanda akaba atandukanye na Sat-b mu bikorwa vy’ugufanya, Partnership, mu gihe avuga ko yaramaze gushiramwo amafaranga angana n’20,000,000 fbu, ariko akavuga ko atigeze ayagaruza kuko Sat-b n’abo bariko bakorana batigeze bakurikiza ivyo bumvikanye birimwo gusangira amafaranga y’ibiteramo.
Nka hamwe bigenze uko, indirimbo Sat-b yakoranye n’ibihangange muri kano karere zitazoba zigiye ahabona zikaba zizoba zibaye 3. Iyatanguriye izo 2, ya Meddy n’iyo Sauti Sol, ikaba ari iyo yakoranye na Dully Sykes, iyahavuye isohoka batabanje kumugisha inama.