
Ku magenekerezo ya 27, 28, hamwe na 29 Kigarama uwu mwaka tugomba turangize w’2018, ihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri Primus League B rizoba ritanguye ku ndwi yaryo ya mbere.
Izi nizo nkino zigiye kuba kuri uyu wa kane igenekerezo rya 27 Kigarama :
- Ku kubuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha indwi n’igice 13h30 umugwi Burundi Sports Dynamic uzokwakira Les Elephants
- Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha icenda n’igice 15h30 umugwi Les jeunes Athletics uzokwakira Inter Star
Ku musi wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama :
- Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha indwi n’igice 13h30 umugwi Muzinga Fc uzokwakira Rumonge City
- Ku kibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore isaha icenda n’igice 15h30 umugwi Volontires Fc uzokwakira Aigle Noir B
Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 29 Kigarama :
- Mu Kirundo isaha icenda 15h00 umugwi Busoni Star uzokwakira Butare City
- Mu Kayanza isaha icenda 15h00 umugwi Top Junior wo mu Kayanza uzokwakira Unités Fc w’i Muyinga
- Mu Vyerwa vya Ngozi isaha icenda 15h00 umugwi Lumiere Fc Mwumba uzokwakira Delta Star.