5.5 C
New York
Friday, January 22, 2021
Home abakinyi bakina hanze Hakizimana Alexis Kitenge yerekeje mu bushinwa

Hakizimana Alexis Kitenge yerekeje mu bushinwa

Umukinyi w’umusatirizi w’umurumdi Hakizimana Alexis Kitenge yetekeje mu gihugu c’ubushinwa mu mugwi Makao Club .

Hari kur’ uyu wa gatanu igenekerezo rya 28 Kigarama isaha umunani 14h45 niho umukinyi w’umusatirizi w’umurundi Hakizimana Alexis Kitenge yafashe indege yerekeza mu gihugu c’ubushinwa . Ku makuru indundi Sports yaronse n’uko uwo mukinyi agiye gukina mu mugwi Makao Club uri mu cicaro ca mbere uri ahitwa Hong Kong mu gihugu c’ubushinwa.

Alexis Kitenge akaba yari asanzwe akina mu mugwi Stand United wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania aho yakinye igice ca mbere c’ihiganwa ryo muri Tanzania Vodacom Premier league . Mwokwibuka ko uwo mukinyi w’umusatirizi w’umurundi yigeze kuba umusatirizi wa kabiri afise ibitsindo vyinshi mw’ihiganwa rya primus league ryo mu mwaka wa 2016

. Yaciye mu migwi ya hano iwacu nka Athletico Olympic hamwe na Buja City , akina muri Kenya mu mugwi Ac Leopard ndetse na Stand United yo mu Gihugu ca Tanzania muri kino gihe akaba agiye mu mugwi Makao Club wo mu bushinwa.

Must Read

Dj Bisoso yikuye mw’ihiganwa ry’ikiganiro the Choice yohuriyemwo na DJ Ira...

0
  Ikiganiro The choice gica ku mboneshakure Isibo  yo mu gihugu kibanyi c’Urwanda iriko irategura gutanga ubushimwe mu mice itandukanye y’ubuzima bw’umuziki muri ico gihuguc’Urwanda....