5.5 C
New York
Sunday, September 19, 2021
HomeBurundi#Indundi Diaspora| Ivyaranguwe mu buyobozi bw'abarundi baba hanze muri uyu mwaka uheze...

#Indundi Diaspora| Ivyaranguwe mu buyobozi bw’abarundi baba hanze muri uyu mwaka uheze hamwe n’ibigiye kurangurwa

Nk’uko vyashikirijwe n’uwusanzwe ayoboye abarundi baba mu mahanga Japhet Legenti Ndayishimiye kuri uno wa mbere igenekerezo rya 31 Kigarama umwaka w’2018 aho yariko yipfuriza abarundi baba hanze umwaka mushasha muhire w’2019 buca dutangura, imigambi itari mike yararanguwe muri uwu mwaka turangije ndetse hakaba hari n’iyindi itari mike igiye kurangurwa muri uyu mwaka buca dutangura.

Nyakwubahwa Japhet Legentil Ndayishimiye ayoboye abarundi baba hanze yagize ati : “Uyu mwaka w’2018 wabaye uw’akamaro kanini ku barundi baba mu mahanga. imigambi itatu ikomeye yaremejwe.. iyo nayo ikaba ari umugambi ujanye n’uburimyi n’ubworozi, umugambi wo kubaka ibitaro vy’akarorero hamwe n’umugambi w’uburaro bwiza ku barundi baba hanze harimwo ikigo ndangamico ca Diaspora”.

Eka no muri uyu mwaka buca dutangura, uwo muyobozi amenyesha ko hari vyinshi bateguye kuzorangura bizofasha mw’iterambere ry’igihugu n’abenegihugu.

Japhet Legentil Ndayishimiye akaba yarangije asaba abarundi baba mu mahanga kutaba basindabibazwa canke ngo bikumire mw’iterambere ry’igihugu cabo avuga ati : “Umwaka w’2019 uze ubabere umwaka wo kubona kure, kuko Uburundi buryamye ku gahiye”.

- Advertisment -

Must Read

Dj Philbert aremeza ko yakuwe mu ndirimbo bari bakoranye na Sat-b...

0
Dj Philbert yemeje amakuru avugwa ko yoba yarakuwe mu ndirimbo 1 mu ziri muri EP ya Belle Nice. Aho ngo ni mu gihe yari...