Umukinyi w’Umusatirizi w’Umurundi Elvis Kamsoba yaguzwe mu cicaro ca mbere mu mugwi Melbourne Victory .
Mu nyandiko yashizee ahabona n’ikinyamakuru cegukira Umugwi Melbourne Victory bavuze y’uko bari n’iteka ryo kumenyesha ko baguze umukinyi Elvis Kamsoba. Elvis Kamsoba akaba yashize umukono Ku masezerano yo gukunira Umugwi Melbourne Victory Ku kiringo c’Umwaka n’igice. Uyo musatirizi w’Imyaka 22 akaba yashimwe na Melbourne Victory inyuma y’ukugeragezwa agashimwa akaba agiye kwambara umwambaro uriko inimero 24. Mu kiyago gito Elvis Kamsoba yagize na bamenyesha makuru yabayagiye y’uko anezerewe cane kuko yari amaze igihe arindiriye uburyo bwiza nkubwo bwo gukina muri A League . Akaba yagize ati’ Ndanezerewe , nari maze igihe ndirindiriye uburyo bwiza nkubu , Namye nipfuza gukina muri A-League none naronse uburyo bwiza bwo kwerekana ico nshoboye ” uyo akaba ari Kamsoba . Kamsoba Elvis akaba abyaruka rwose kandi afise ubuhinga bukomeye kuko ari no mu bafashije Umugwi yahora akinamwo Avondale Fc gushika muri NPL Victoria Grand Final no mu gice ca Kane gishira icanyuma ca FFA Cup. Kamsoba akaba ari nawe yatahukanye umudari wa mbere uhabwa Umukinyi wo muri NPL yarushije abandi muri FFA cup. Uwo mudari bawitiriye Mike Cockerill Medal. Mukamenya y’uko uyo mukinyi w’Umusatirizi w’Umurundi Elvis Kamsoba igurwa ryiwe ryakiranywe igishika n’umumenyereza w’Umugwi Melbourne Victory Kevin Muscat . Kevin Muscat amenyereza Melbourne Victory aganira kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Australia yagize ati” Elvis Yaramaze igihe yimenyereza hamwe natwe kandi ubushobozi bwiwe bwaraboneka kuva kare “