Diamond Platnumz ntadeha ko abanya Tanzania bakunda abakobwa b’abanyakenya, aho yari muri Wasafi Festival akaba yahavuye avuga igituma babakunda.
Mu gihe yari mw’isabukuru rya Wasafi Festival, Diamond yavuze ku bigeme b’abanya Kenya bagize igihe cane baronderwa n’abaririmvyi b’aba Tanzania nkuko amakuru dukesha ibinyamakuru vyo muri Kenya abandanya abishikiriza.
Ayo makuru avuga ko uwo muririmvyi w’umunya Tanzania yavuze ko Kenya ifise abakobwa beza cane, abo kandi n’abahinga mu mice yose y’ubuzima, anashiramwo no mu gitanda. Ico ngo akaba arico gituma abaririmvyi b’aba Tanzania babandanya kwirukanga muri ico gihugu kuronderayo abakobwa.
Ivyo akaba abishikirije mu gihe aheruka gushira ku mugaragaro ubucuti bwiwe n’umumenyeshamakurukazi asanzwe afise akabira ka Kenya n’ak’ubu Taliyano, Tanasha. Siwe gusa kuko hampande ya Diamond na Alikiba nawe aheruka kurushinga n’umunya Kenya.
Mwomenya ko hari amakuru aguma akwirakwizwa ko uwo muririmvyi ashobora kwimukira muri Kenya aho ategura kwugurura ibikorwa bitari bike vyomwinjiriza amafaranga, ubona ko ico gihugu ari ica mbere ngo kimwinjiriza amafaranga menshi mu bikorwa vy’umuziki vyiwe, nkuko amakuru ava muri Kenya abandanya abivuga.