5.5 C
New York
Saturday, January 16, 2021
Home abakinyi bakina hanze Azam Premier League Rwanda : Bon fils Caleb yaraye yinjije igitsindo ciwe...

Azam Premier League Rwanda : Bon fils Caleb yaraye yinjije igitsindo ciwe ca 6

Umukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Bimenyimana Bon fils Caleb yaraye asubiye kwitwara neza.

Hari Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 05 Nzero umwaka wa 2019 aho Rayon Sports yari yaraye igendeye Musanze Fc Ku kibuga cayo biza kurangira Rayon sports itsinze Musanze Fc Ibitsindo 2-1.

Bimenyimana Bon Fils Caleb akaba ariwe yinjije igtsindo ca mbere ca Rayon Sports , icakabiri gitsindwa na Olivier Seifu , mu gihe Igitsindo kimwe rukumbi ca Musanze Fc caraye cinjijwe na Shyaka Philbert . Bon Fils Caleb akaba yaraye yinjije Igitsindo ca 6 mw’ihiganwa ryo mu Rwanda Azam Premier League yambaye umwambaro wa Rayon Sports

. Mukamenya ko uwo musatirizi w’ Umurundi Bimenyimana Bon Fils Caleb yamaze inkino 3 adahonyoza ikirenge mu kibuga kubw’ibihano yari yafatiwe n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Rwanda FERWAFA kubera kugwana n’umurorerezi w’Umugwi Sunrise .

Must Read

Moustapha Francis yaguzwe na Costa Union yo muri Tanzania

0
Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Nzero 2021, niho Umukinyi w’umurundi Moustapha Francis Njali yaguzwe n’umugwi Costa Union wo mu gihugu ca Tanzania,...