Hakizimana Alexis Kitenge yitwaye neza mu rukino rwa kivandimwe aho umugwi Makao Fc waraye ukinye n’umugwi wo mu cicaro ca kabiri.

Hari kuri uyu wa Gatandatu waraye uheze igenekerezo rya 05 Nzero umwaka wa 2019, aho Makao Fc uri mu cicaro ca mbere mu gihugu c’ubushinwa ari nawo ukinamwo umusatirizi w’umurundi Alexis Kitenge wakina urukino n’Umugwi wo mu cicaro ca kabiri urukino rurangira Makao Fc inyagiye uwo mugwi ibitsindo 5 -0.
Hakizimana Alexis Kitenge akaba yaraye atsinze Ibitsindo 2 muri ivyo bitsindo 5. Mukamenya ko gushika n’ubu Alexis Hakizimana Kitenge atarahabwa amasezerano yo gukunira uwo mugwi Makao Fc wo mu bushinwa mu kuba arindira ikiyago ca basanzwe bamuhagarariye ndetse n’ubuyobozi bw’Umugwi Makao Fc kugira barabe ko yoronswa ayo masezerano.