5.5 C
New York
Wednesday, January 27, 2021
Home homepage Masterland ngo ayaguze imodoka niyo yakoze Clip

Masterland ngo ayaguze imodoka niyo yakoze Clip

Masterland ngo indirimbo Nzobikora yayishizemwo amafaranga atari make,  naho atavyemeza ariko yavuze afobetse ko bishoboka ko yoba angana n’ayogura imodoka canke ikibanza co kwubakamwo.

Masterland arashimira abamufashe mu mugongo ngo abashe gushira ahabona amasanamu y’indirimbo yiwe nshasha. Iyo ndirimbo ndirimbo ikaba yakorewe mu bihugu bitatu birimwo Urwanda congo n’Urwanda.

Ku kibazo c’uburyo iyo ndirimbo yoba yaratwaye, yanse kubuvuga, ngo kuko ata na 10% yogarurirwa. Ariko akaba avuga ko ivyo vyose abikora ngo bikunde aryohere abakunda ibikorwa vyiwe. 

Mu kiyago yagiranye na BETV yanse kuvuga ayo mafaranga yatwaye, ariko atanga ibimenyetso afobetse avuga ko yoshobora kugira ikibanza c’ukwubakamwo canke imodoka. Iyo ndirimbo mu misi 3 imaze ishizwe ahabona ikaba imaze kurabwa n’abarenga 16,000 ku rubuga rwa Youtube rwiwe, ibitari bimumenyereweko.

Masterland yarangije ico kiyago avuga ko hari bishasha afitiye abakunzi b’ibikorwa vyiwe, aho akavugamwo indirimbo azokorana n’abaririmvyi b’abanyamahanga bakomakomeye, aho ngo ni muri uno mwaka wa 2019.

Must Read

Inyuma y’ubugeni bwa Kigingi ngo n’ukwerekeza muri Canada

0
  Umukunzi wa Kigingi yabajijwe ibibazo bitari bike ku rubuga rwiwe rwa Instagram. Muri ivyo bibazo, hagumye hagarukamwo ikibazo c’urukundo rwiwe na Mugenzi Aubin benshi...