Mu kurondera abantu baraba indirimbo yiwe nshasha, Guitar, Lolilo yitwaje urukino rw’umupira w’amaguru avuga ko akunda cane. Aho akaba yasavye abamukurikirana ko ngo bogira umutima nk’uw’abakinyi b’umupira w’amaguru.
Abakina uwo mukino Lolilo avuga ko akunda cane ngo bakina bizeye abandi, kugira babashe kuronka intsindi. Uwo muririmvyi wa Guitar akaba yaciye afatira aho nyene asaba abamukurikirana kuraba iyo ndirimbo kuko ngo akeneye ico mu kinyamakuzuru bita Vues kuribo, co kimwe no kwiyandikisha kuri urwo rubuga kugira bazohore babona n’ingoga ivyo ashizeko, Suscribe.
Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe iyo ndirimbo nayo iri mu ndirimbo ndundi ziriko zirabwa cane ku rubuga rwa Youtube, ikaba mu ndwi imwe imaze isohotse imaze kurabwa incuro zirenga 31,000, abamaze kuyikunda barenga 1,400 kuri urwo rubuga nyene. Abarenga 400 nabo bakaba bamaze kugira ico bayishikirizako.
#indundi | Riche