homepage

Abandi bakinyi babiri bo muri Real Madrid boba bagiye guhamvya Cristiano

Umurwi wa Juventus ngo woba uriko urakora ibishoboka vyose ngo abandi bakinyi babiri b’umurwi Real Madrid babashe guhamvya uwo baheruka kubanyaga, Cristiano Ronaldo.

Amakuru dukesha ikinyamakuru Goal avuga ko abakinyi 2 bo muri real Madrid bashobora guhamvya mugenzi wabo muri Juvesntus de turin. Abo bakinyi ngo boba ari Isco asa n’uwudaheruka kwerekwa ikibuga na Marecelo nawe atifashe neza muri ibi bihe.

Ayo makuru Goal ikesha ikinyamakuru Tuttosport co mu butariyano, avuga ko uwo murwi wa Juventus woba uriko ushaka kugirako muri kino gihe  Real Madrid utifashe neza noneho ngo batore bamwe mu bakinyi babo boza gufasha Cristiano kubandanya baduza uwo murwi.

Bikaba bitaratomoka neza iv’abo bakinyi na Juvesntus, kuko ibihuha hagati y’iyo mirwi ari vyinshi, aho mukibuka ko bari banavuze ko Zinedine  azokwerekeza muri uwo murwi ariko biza kubeshuzwa n’uwusanzwe atanga amakuru yiwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 297