5.5 C
New York
Wednesday, January 20, 2021
Home homepage Ivya Diamond birahinduye imirisho, Ubugeni yunguruje

Ivya Diamond birahinduye imirisho, Ubugeni yunguruje

Igenekerezo ritaramenyekana niryo umuririmvyi Diamond platnumz yungururijeko ubugeni bwiwe, ivyateye amakenga menshi abakurikiranira hagufi ivy’uwo muririmvyi kuko hoba hinyegejemwo kinyoma kitaramenyekana.

Ubugeni bwa Diamond Platnumz bwobaye muri uku kwezi kwa 2 igenekrezo rya 1 ngo ntibukibaye, ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yagiranye na kimwe mu binyamakuru vyo mu gihugu ca Tanzania.

Uwo muririmvyi wa Kwangwaru, avuga ko ashimye kubwunguruza ngo bikunde abwitegurire neza kuko ashaka ko buzitabirwa n’abantu benshi cane kandi harimwo abanyacubahiro bakomeye. Aho akaba yavuzemwo abaririmvyi bakomeye bo muri amerika nka Rick Ross.

Icatangaje abantu nuko uwo muririmvyi atamenyesheje igenekerezo yungururijeko ubwo bugeni, icahavuye kuvyura ibibazo bitari bike. Bamwe bakaba babibonamwo inyishu y’igihuha c’uko yoba yahebanye n’umukobwa bamaze imisi bagendana w’umunya Kenya, Tanasha Okotch.

Ivyo bikaba bishitse mu gihe Diamond yaramaze igihe muri Kenya aho yakoze ibiteramo bitandukanye vyo guheza umwaka. Ivyo bikaba vyari ku rutonde rw’uruhererekane rw’isabukuru Wasafi Festival yakoreye mu bice bitandukanye muri Kenya birimwo Nairobie, Mombasa n’ahandi.  

Must Read

Kigali yasubijwe muri Gumamu rugo ( Lockdown )

0
  Guhera kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 19/1, Kigali yose yasubiye kandi muri Guma mu rugo, intandaro n’ibitigiri bibandanya biba vyinshi vy’abagwaye COVID-19 bibandanya...