homepage

Morihno ntiyerekwa gusubira kumenyereza umurwi wo muri Portugal

Ugusubira kumenyereza umurwi n’umwe wo muri Portugal ntavyerekwa, avuga ko ashima kwigumira hanze y’igihugu.

 Morinho ngo yarahiye ararengwa ko adashobora kwerekeza mu murwi ukinira mu gihugu ca Portugal aho asanzwe avuga. Ivyo akaba yabishikirije mu kwankira umwe mu murwi ihabarizwa yamusavye kuza kuwumenyereza, ariko akabereka ubworo bw’ikirenge.

Uwo murwi uheruka kumusaba kuja kuwumenyereza akaba ari Bonfica usanzwe uri mu mirwi ya mbere ikomeye muri ico gihugu ca Portugal.  Akaba yabwiye ikinyamakuru O’ Jogo ko adashobora kugaruka muri ico gihugu, ashima kwigumira mu mahanga.

Akaba ariko asabwa kugaruka muri Portugal, igihugu yavuyemwo mu mwak wa 2004 inyuma y’imyaka 2  n’inusu amenyereza FC Porto.

Mukaba mutokwibagira ko yaheruka gusezererwa muri Man United, aho yaramaze igihe cababa imyaka 2, ikitari igitangaza kuko ngo ata na hamwe yigera arenza iyo myaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 517