5.5 C
New York
Wednesday, January 27, 2021
Home homepage Double Jay yahambije umurwi urimwo Big Fizzo, Sat-b na Yvan Muziki

Double Jay yahambije umurwi urimwo Big Fizzo, Sat-b na Yvan Muziki

Mu gihe Double jay yimirije gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha, uwo muririmvyi yerekanye iyindi ntambwe yateye mu muziki ndundi.

Akaririmbo kiwe yasohoye haraheze amezi 5, yise Uri Special gaheruka gukwiza Views 100,000 ku rubuga rwa Youtube, ibidashobora bose. Ako karirimbo kakaba kakozwe na Elarts muri Bantu bwoy.

Iyo ndirimbo ikaba ari iya mbere yakoreye amasanamu kuva atangura kuririmba, akaba yari yashikirije ko yari yashimye kubanza kwanza kurindirira kuko yashaka gukora amasanamu afise ijambo.

Indirimbo hano iwacu zikwiza ayo ma Views mu misi mikeya, zikaba ziharurwa kun toke, ababikora tumaze kumenya akaba ari Sat-b, Big Fizzo na Yvan Muziki.

Must Read

Olegue ngo nibamushigikire nkuko babikora ku banyamahanga

0
  Abantu ngo nibareke gufatira mu rwara Olegue, ahubwo bamushigikire. Ivyo n'ibiheruka gushikiriza n'umwe mu banyamideri b'abarundi bakomeye basanzwe bakorera mu gihugu c'Urwanda. Ku rubuga rwiwe...