Inyuma ya Sat-b Kidum n’abandi batandukanya, Natacha nawe yinjijwe mu gitigiri c’abaserukira Uburundi biciye mu mahiganwa atandukanye aho bahura n’ibihangange bitandukanye.
Natacha Ngendabanka aheruka gushirwa mu gitigiri c’abaririmvyi bariko bahiganirwa ubushimwe mw’ihiganwa mu gihugu c’Ubugande. Iryo higanwa rikaba ari Hipipo Music Awards rimwe mu yakomeye muri ico gihugu.
Muri ico gisata arimwo Natacha akaba arikumwe n’abaririmvyi bava mu bihugu nka Tanzania, Kenya , South Afrika, Ghana, Nigeria. Abo bakaba bari muma Label akomakomeye nka Mbosso muri WCB muri Tanzania.
Mu Kumutora hakaba hari uburyo bwinshi burimwo uuwo bacisha ku mbuga ngurukanabumenyi co kimwe no ku rubuga rwa Whatsapp, aho urungika ubutumwa ku numero yatanzwe, nkuko tubikesha uwujejwe gutanga amakuru yiwe.
Natacha (Burundi), Yovi(Nigeria), King Monada(South africa), Mankind(Kenya), Joyce Blessing( Ghana), Shekhinah(South Africa), Mbosso (Tanzania). Mu kumutora uca kuri iyi Link http://hma.hipipo.com/africa-fans-favorite-fresh-talent/