BurundiDon BrigtherhomepageJusticekirundi

Urwo Sentare nkuru ya Makamba yaraye ibaciriye

Ku muhingamo wo kuri uyu wa kabiri waraye uheze, igenekerezo rya 8 Nzero umwaka w’2019, Sentare nkuru ya Makamba yarashashe mu manza z’ivyaha mu rubanza rujanye n’igandagurwa bunyamaswa ry’umudandaza azwi kw’izina rya Ntahiraja Emile hakoreshejwe ikirwanisho gicira umuriro.

Umuhisi Ntahiraja yari afise imyaka y’amavuka 34 yagandaguriwe ku gacimbiri Gifumbe, umusozi Jimbi, komine Minago mu ntara ya Makamba, hari kw’igenekerezo rya 3 Nzero uwu mwaka twaraye dutanguye hafi isaha icumi zo ku muhingamo.

Abari barengukijwe imbere y’ubutungane ni HAVYARIMANA Eric afise imyaka 32 y’amavuka hamwe na Nduwimana Levis w’imyaka 30 y’amavuka bompi bakomoka ku musozi Kirare, komine Makamba, Niyoncuti Jean Marie afise imyaka y’amavuka 29 hamwe na Kabura Bonaventure w’imyaka 28 y’amavuka bompi bakomoka ku musozi Mbizi, komine Kibago hamwe na Nduwumukama Egide w’imyaka 35 y’amavuka akomoka ku mutumba wa Jimbi komine ya Kibago mu ntara ya Makamba.

Bompi uko ari batanu bakaba bagiriwe n’icaha c’ukugandagura bunyamaswa n’ibigirankana bwana Ntahiraja Emile maze sentare iraheza ibakatira umunyororo wo gupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Sentare imaze kumwumviriza, KATIHABWA Evariste afise imyaka 39 y’amavuka wo ku mutumba MURAMBI, komine ya KIBAGO yari yavuzwe muri urwo rubanza yahavuye yezwa nayo NSENGIYAREMYE Pascal afise imyaka 43 y’amavuka wo ku musozi MBIZI, komine KIBAGO yagiriwe n’ugusura ibinyoma akatirwa umunyororo wo gupfungwa amezi atandatu canke akariha amafaranga ibihumbi ijana vy’amarundi.

Amafaranga angana n’imiriyoni mirongo itanu niyo abo bagiriwe n’icaha uko ari batanu bategerezwa kuzoriha nk’indishi y’akababaro umuryango wabuze icakane cayo naco gitangwe mu kigega ca Reta.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 587