Naho ashobora kuba atabarizwa mu begamiye Cedric Bangy, natacha yemeza ko uwo muririmvyi w’inararibonye atwara ishirahamwe rihurikiyemwo abaririmvyi ngo ariwe murongozi mwiza.
Cedric Bangy ngo yabereye Natacha umutware mwiza, Ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro Indundi Hit Show, aho yariko avuga ivyihiganwa arimwo mu gihugu c’Ubugande aho ahanganye n’ibihangange vyo muri afrika y’ubuseruko na afrika nzima.
Muri ico kiganiro Natacha yavuze ko mu giteramo Ubibona gute yakoreye kuri Safi Beach ngo Cedric bangy yakoze akazi kokoze umu manager wiwe. Ico gikorwa yakoze ngo kwari ukuje kumubwira ngo agende kuririmba imbere y’abandi kugira abana ntibagende batamubonye, ubona ko ariwe bari bagiye kuraba.
Natacha muri ico kiganiro akavuga ko umuzo wa Cedric bangy muri ico giteramo ngo kwari ukugira arabe uwo yagize umuririmvyi w’umwaka ngo abikwiriye nkuko yabandanije abishikiriza. Natacha akaba yahavuye anagirako anavuga ko ariwe mukuru w’abaririmvyi w’ukuri.
Ivyo akaba abishikirije mu gihe tuzi ko asanzwe ari mu murwi w’abaririmvyi begamiye kw’ishirahamwe ry’abaririmvyi mu Burundi AMB ritwarwa na Member. Akaba ata cemezo dufise ko uwo muririmvyi yoba nawe yamaze kwinjira muri Cooperative y’abaririmvyi itwarwa na cedric Bangy.