homepage

Mt Number one yahavuye yemererwa gukorana na Sat-b

Inyuma y’uguterwa umugongo na bamwe mu bakomeye mu muziki ndundi, Mt Mumber one yoba yaronse ico avugirako none umwe muribo yemeye gukorana nawe akaririmbo.

Mu gihe yigeze gushikiriza ko hari uabaririmvyi bakomakomeye ngaha iwacu bamuteye umugongo abasavye ko bokorana, Mt Number one yahavuye akorana akaririmbo na mugenziwe Aboubakar Karume benshi bazi nka Sat-b.

Nkuko ico gihe atigeze ashikiriza uwoba yamuteye umugongo, n’ubu vyafashe akanya ng avuge ko ari Sat-b bakoranye ico gikorwa. Mu mpera z’ukwezi kwa Kigarama, yabwiye BETV ko azoshira ahabona igikorwa gishasha mu ntango z’umwaka bamubajije uwo bazokorana, avuga ko ari uwukomeye ngaha iwacu ariko yimana izina.

Ako karirimbo kakaba kariko gakorwa na landry SB bakunze gukorana amasanamu, ntituramenya uwiriko arakora amajwi, ariko bigashoboka ko yoba ari Amir Pro kuko yabonetse ari muri iyo nzu y’ubuhinyanyuzi.

Mwokwibuka ko yaramaze ikiringo kiriko kirababa umwaka adashira ahabona amasanamu y’akaririmbo na kamwe. Akaririmbo ka nyuma yaheruka gushira ahabona  kakaba ari Move Your Body, imbere yaho akaba yari yashize ahabona akaririmbo karikumwe n’amasanamu yise Ukwo nyene agakorana na Masterland.  

What's your reaction?

Related Posts

1 of 287