5.5 C
New York
Monday, November 29, 2021
HomehomepageMuhammed Salah yasubiye gutorwa nk'umukinyi mwiza w'umunya Africa yaranze umwaka

Muhammed Salah yasubiye gutorwa nk’umukinyi mwiza w’umunya Africa yaranze umwaka

Umunya Misiri Muhammed Salah akinira umugwi Liverpool yasubiye gutorwa incuro igira kabiri n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Africa CAF nk’umukinyi mwiza w’umunya Africa yaranze umwaka wa 2018-2019 inyuma yo gutorwa nk’umukinyi mwiza yari yaranze umwaka wa 2017-2018.

Salah w’imyaka 26 y’amavuko akaba yatsinze mugenzi we w’umunya Sénegal basanzwe bakina hamwe hamwe n’umusatirizi wa Gabon akinira Arsenal ariwe Pierre Emerick Aubameyang.

Akaba yaraye ahawe ako gashimwe mu birori vyabereye mu gihugu ca Sénegal kuri uyu wa kabiri waraye uheze igenekerezo rya 8 Nzero umwaka wa 2019.

Uyo mukinyi Salah akaba yatsindiye Liverpool ibitsindo 44 wenyene mu mwaka wa 2017-2018 era no gufasha Liverpool gukina urukino rwanyuma (final) ya Champions league naho bigeze kuba batsindwa na Real Madrid .

Muri kino gihe amaze gutsindira Liverpool ibitsindo 16 mu nkino 29 zose amaze gukina.

- Advertisment -

Must Read

Preeze ngo yahebeye abandi muri Platform show awards 2021

0
Preeze ari mu gitigiri c’abaririmvyi bari bashizwe mw’ihiganwa rya Platformshowawards 2021 mu gice ca Hip Hop/Rap, ariko yasavye gukurwa muri iryo higanwa. Akoresheje urubuga rwiwe...