homepage

R Flow yahambije Alikiba mu Mupira w’amaguru

Ukuririmba ngo siwo mwuga wo nyene R flow azi, no gukina umupira w’amaguru navyo ngo arahehereza.

Hampande y’ukuririmba, R Flow avuga ko ikindi gikorwa akunda gusumba ibindi ngo ari ugukina umupira w’amaguru. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza ku rubuga rwa Whatsapp mu gice ca Status kibonwa n’abamufitiye aka numero k’agahamagazo.

Ivyo akaba yabishikirije abikurikije amashusho aho yariko arimenyereza hampande y’ibihangange mu mupira w’amaguru mu Burundi nka Pierrot, Mavugo n’abandi. Amakuru yabashije kudushikira akaba avuga ko ikibanza barimwo ari mu gisagara ca  Bujumbura muri zone ya Nyakabiga mu kibanza bakunze kwita ca AMSAR.

Tukaba tutarabasha kumenya nimba R Flow nawe hari umurwi azohava akinira, ubona ko mugenziwe Alikiba muri Tanzania we yamaze kubishira ku mugaragaro ko azokira umumwe mu mirwi y’umupira w’amaguru muri ico gihugu, ariko akavuga ko ataco azohembwa.

Mwomenya ko R Flow aheruka kubura umwe mu bagize umuryango wiwe, nkuko yabishize ku rubuga rwa Whatsapp co kimwe na Facebook .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 516