5.5 C
New York
Wednesday, April 14, 2021
Home abakinyi bakina hanze Shaka Bienvenue yaraye yinjije igitsindo ciwe ca 3 muri Tunisia

Shaka Bienvenue yaraye yinjije igitsindo ciwe ca 3 muri Tunisia

Umusatirizi w’Intamba mu rugamba Shaka Bienvenue yaraye yinjije igitsindo ciwe ca 3 mw’ihiganwa ryo muri Tunisia .

Hari mw’ijoro ryo kuri’uwu wa gatatu waraye uheze igenekerezo rya 09 Nzero mu gihugu ca Tunisia niho hakinwa urukino rw’igihanwa ryo muri Tunisia rwahuza Etoile du Sahel ikinamwo umusatirizi w’Intamva mu rugamba Shaka Bienvenue hamwe na Stade Tunisien.

Urwo rukino rukaba rwararangiye Etoile du Sahel inyagiye Stade Tunisien ibitsindo 4 -1. Shaka Bienvenue akaba yaraye yinjije igitsindo Ku munota wa 24 mu bitsindo bine Etoile du Sahel yanyagiye Stade Tunisien ivyatumye akwiza ibitsindo 3 mu nkino 5 amaze gukina. Etoile du Sahel ikaba iri mu kibanza ca Kane mw’ihiganwa ryo muri Tunisia .

Mukamenya ko Shaka Bienvenue ariwe yabaye umusatirizi mwiza w’umwaka wa 2017 yatsinze ibitsindo vyinshi muri Primus league ivyatumye aja mu gihugu ca Tunisia ashikira mu mugwi Club Africain kugira igeragezwa maze biranka aca yipfuzwa na Etoile du Sahel.

Must Read

Amadorari arenga imiriyoni 49 niyo akenewe kugira uwo mugambi uranguke

0
Amafaranga arenga imiriyoni mirongo ine n’icenda z’amadorari y’abanyamerika niyo akenewe kugira umugambi wo kugwanya koronavirisi uranguke neza. Menshi muri ayo azokoreshwa mu kugura ibikoresho...