5.5 C
New York
Friday, April 16, 2021
Home abakinyi bakina hanze Bimenyimana Bon Fils Caleb yaraye afashije Rayon gutsinda Kirehe Fc

Bimenyimana Bon Fils Caleb yaraye afashije Rayon gutsinda Kirehe Fc

Umusatirizi w’Intamba mu rugamba Bimenyimana Bon Fils Caleb abandanya yitwara neza.

Hari kuri uyu wa Mungu uheze igenekerezo rya 13 nzero aho ihiganwa ryo mu Rwanda ryari riteye kundwi ya 14, Rayon Sport yari iramutse yakira Kirehe Fc biza kurangira Rayon sports ibanyagiye ibitsindo 3 Ku 0.

Bimenyimana bon fils Caleb akaba ari mu bafashije Rayon sports gutsinda Kirehe Fc kuko ariwe yinjije igitsindo ca mbere Ku munota wa 37 w’urukino , mugihe ibindi ibitsindo bibiri vyinjizwa na Manzi Thierry hamwe na Michael Sarpong .

Bon Fils Caleb akaba yaciye arara akwiza ibitsindo 7 mw’ihiganwa ryo mu gihugu c’Urwanda .

Mukamenya bon fils Caleb yarigeze guhanwa n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Gihugu c’Urwanda FERWAFA kumvo zo kugwana n’umurorerezi w’Umugwi Sun rise , kuvaho aviriye mu bihano mu nkino zose zitatu amaze gukina nta rukino narumwe atarinjiza igitsindo .

Must Read

Différentes vertus du psaume 08

0
Améliorer la confiance, attirer  les clients vers ton commerce Pour retrouver la confiance en soi Pour avoir une faveur dans les transactions commerciales    Contre les maladies des...