featured sportChelseafootballhomepageIbiyovyabwengekirundikirundi_SportsYvan muziki

Ndayishimiye Mike Tresor yaraye yitwaye neza

Umwe mu bakinyi bahamagawe mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ya batarenza imyaka 20 yaraye yitwaye neza.

Uyo nawe akaba ari Mike Tresor amaze yahamagawe mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba ku batarenza imyaka 20 kugira aze kuwufasha mu mahiganwa ya CAN U 20 agiye gutangura mu kwezi kwa Ruhuhuma kw’igenekerezo rya kabiri mu gihugu ca Niger .

Mu rukuno rw’igihiganwa ryo mu cicaro ca kabiri mu gihugu ca Hollande rwaraye rubaye kuri uyu w’Imana uheze igenekerezo rya 13 Nzero umwaka wa 2019 rwahuje Fc Eindhoven na NEC Nijmegen ikinamwo umusatirizi w’Umurundi Mike Tresor rwararangiye Fc Eindhoven itsinze NEC Nijmegen ibitsindo 3-2.

Naho batashoboye gutsinda Muri ivyo bitsindo Bibiri NEC Nijmegen yaraye itsinze harimwo igitsindo kimwe c’Umukinyi Ndayishimiye Mike Tresor .

Mukamenya ko Ndayishimiye Mike Tresor yabanje gukunira igihugu c’ububirigi mu mugwi w’abatarenza imyaka 17 hamwe na 19 imbere y’uko ahamagarwa mu mugwi nserukira gihugu w’Intamba mu rugamba .

What's your reaction?

Related Posts

1 of 454